• Ep 13 - Umwana n'incuti ziwe
    Jul 27 2024

    Umwana avutse mu muryango agira incuti. Mu rurimi rw'ikirundi, izo ncuti zirafise uko zitwa bivanye n'ubucuti bafitaniye n'uwo mwana. Muri iki gice ca cumi na gatatu, nivyo tugiye kuyaga. Barbara Ndimurukundo-Kururu aratuyagira vyinshi kuri ayo mazina y'incuti z'umwana. Muri iki kiganiro, turayaga kandi n'ibijanye n'imiziro n'amayarwa ajanye n'incuti z'umwana.


    Mufise ico mutwunganira canke mutubaza, ntimuhengeshanye kutwandikira kuri : egere.tuyage@gmail.com


    Murakoze.

    Show More Show Less
    36 mins
  • Ep 12 - Gusohora amahasa
    Jun 10 2024

    Ubuheruka twaganiriye ku bijanye no gusohora umuvyeyi. Muri iki gice, turabira hamwe uko basohora umuvyeyi yibarutse amahasa. Kurikira kino kiyago muheze mutwunganire.


    Murakoze !


    Mufise ico mwipfuza gushikiriza, muraturungikira ubutumwa tuzoheza tubishure.

    Show More Show Less
    36 mins
  • Ep 11 - Gusohora umuvyeyi
    Jun 10 2024

    Gusohora umuvyeyi ni umwe mu migirwa yo mu Burundi bwaho hambere. Vyongeye, no mu gihe ca none, uwo mugirwa uracariho.

    None woba ugikorwa nkuko vyahora muri kahise ? Warumaze iki ? Wasigura iki ? Wagenda gute ?

    Ivyo ni bimwe muvyo duca irya n'ino muri iki kiyago kigira icumi na rimwe.


    Mufise ico mutwunganira, turabahamagarira kuturungikira ubutumwa kuri : egere.tuyage@gmail.com.


    Murakoze.

    Show More Show Less
    39 mins
  • (Hors-Série) - Twagarutse
    May 19 2024

    Turasaba imbabazi ku gihe twari tumaze tutabashikiriza ibiganiro. Ico vyavuyeko nuko tugiye kubashikiriza ibiganiro bishasha nivyo musanga muri aka gace gato k'ikiyago.

    Mufise ico mudushikiriza, caba ikibazo canke agatererano kanyu, murashobora kutwandikira kuri : egere.tuyage@gmail.com


    Murakoze.

    Show More Show Less
    4 mins
  • Ep 10 - Kwibungenga no kwibaruka
    Dec 18 2022
    Muri iki gice kigira icumi, tuyaga ibijanye no kwibungenga hamwe no kwibaruka kw'umugore. Aho hambere umuryango woba waba muri ico gihe gute ? Hoba hari imigirwa yari ijanye n'ico gihe gikomeye ku mugore ndetse n'umuryango ? Tega yompi ikiyago c'icumi ndetse mutwunganire mu kutwandikira ubutumwa. Murakoze.
    Show More Show Less
    34 mins
  • Ep 9 - Guca mu marembo
    Nov 27 2022

    Turabandanya kwungurana ubumenyi mu migirwa n'imanza zakurikira ubugeni mu Burundi bwaho hambere. Muri iki gice musangamwo umugirwa wo "Guca mu marembo". Murahamenyera uko uwo mugirwa warumeze.


    -----------

    Mushaka kutwunganira, murashobora kutwandikira kuri : egere.tuyage@gmail.com

    Murakoze !

    ----------

    Show More Show Less
    29 mins
  • Ep 8 - Gusubiza amaguru
    Nov 20 2022

    Turabandanya ikiyago cacu kubijanye n'imanza ziranga ubugeni mu muco w'ikirundi. Muri iki gice, tuyaga umugirwa witwa "Gusubiza amaguru". Uwu nawo ukaba waba inyuma yo kujana ubugeni. 

    Show More Show Less
    36 mins
  • Ibibazo n'intererano
    Oct 30 2022

    Iki kiganiro tugaruka ku bibazo bamwe n'abandi bagiye baratubaza. Turongera tukavuga kandi n'intererano mwaturungikiye.

    Show More Show Less
    45 mins